Umuntu agira 3 yamenyekanye ko yanduye ikiza Coronavirus mu Burundi.

Inyuma y’imisi ibiri gusa habonetse abantu babiri ba mbere bafise ikiza ca Coronavirus mu Burundi,uwundi muntu agira gatatu,yamenyekanye ko yanduye ico kiza.

umushikiranganji ajejwe magara y’abantu mu Burundi,mugihe yari mukiganiro n’abamenyeshamakuru

Mukiganiro yatanze kubamenyeshamakuru,kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2020,Muganga Thaddee Ndikumana arongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi,yamenyesheje ko umuntu agira gatatu,yamenyekanye ko yanduye ikiza ca Coronavirus.

Kubwa Muganga Thaddee Ndikumana,uwo muntu agira gatatu yamenyekanye ko yanduye ikiza ca Coronavirus,yari yarabonanye n’umwe muri babantu babiri bamenyekana ubwa mbere ko banduye ico kiza mu Burundi.

Uwanduye ico kiza,akaba ari umwigeme w’imyaka 26 y’amavuko,ndetse kaba ariko arakurikiranwa kubitaro vyitiriwe incungu y’uBurundi,umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi bukaba bwamenyesheje ko bumaze kumenya abantu 23 babonanye n’abantu 2 ba mbere bamenyekanye ko banduye ikiza ca Coronavirus,ndetse bakaba barabasazumye ariko bakaba basanze atakiza ca Coronavirus banduye.

You may also like...