uRwanda rwasubiye kw’isonga ry’ibihugu bifise abantu benshi barwaye Coronavirus muri EAC.

Inyuma y’amasaha make gusa igihugu ca Kenya kimenyekanye ko kimaze kugira abarwayi benshi bafise ikiza ca Coronavirus gusumvya igihugu c’uRwanda,k’umugoroba wo kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2020 uRwanda rwamenyesheje ko abarwaye ico kiza basubiye kwiyongera.

Paul Kagamne,mugihe yariko arerekana akarorero keza k’ingene abantu baramukanya mukwikingira Coronavirus.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu c’uRwanda mw’ijoro ryo kuruyu gatatu,igenekerezo rya 1 Ndamukiza,bamenyesheje ko abandi bantu 7 bamenyekanye ko bafise ikiza ca Coronavirus.

Ivyo bikaba vyatumye ibitigiri vy’abantu bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus vyiyongera bishika kubantu 82,mugihe igihugu ca Kenya cari kw’isonga ibitigiri vy’abanduye bigeze kuri 81,ivyo bikaba vyatumye igihugu c’uRwanda gisubira kw’isonga ry’ibihugu bifise abantu benshi bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus mu karere k’ibihugu bigize umuryanga wa Africa y’ubuseruko EAC.

Tubibutse ko,mukarere k’ibihugu bigize umuryango wa Africa y’ubuseruko,igihugu ca Sudani yepfo nico conyene gisigaye kitaribonekezamwo ikiza ca Coronavirus,mugihe uBurundi bumaze kumenyesha ko abantu 2 banduye ico kiza.

Uku niko ibitigiri vy’abanduye ikiza ca Coronavirus vyifashe mubihugu vyose bigize umuryango wa EAC:

  1. Rwanda:82
  2. Kenya :81
  3. Uganda:44
  4. Tanzaniya:20
  5. Burundi :2
  6. Sudani yepfo:0

You may also like...