Amerika nico gihugu cambere aho abantu benshi bishwe na Coronavirus kumusi umwe gusa.

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika caraye candikishije amateka mabi,aho kibaye ica mbere kibuze abantu benshi bahitanywe na Coronavirus k’umusi umwe gusa.

Donald Trump mugihe yariko arashikiriza ijambo kubijanye na coronavirus muri Amerika.

Mubitigiri vyatanzwe n’inzego zijejwe amagara y’abantu ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kuruyu wa kane,igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2020,abahitanywe n’ikiza ca Coronavirus mu masaha 24 gusa bashika 1 169 .

Kuva ikiza ca Coronavirus gitangura gutera mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi,abo nibo bantu benshi ba mbere bahitanywe n’ikiza ca Coronavirus mu masaha atarenga 24 gusa,kuko ibitigiri vyinshi vyari bimaze kwibonekeza bari abantu 969 bitavye Imana k’umusi umwe gusa kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2020 mu gihugu c’ubutaliyano.

Ivyo bitigiri bikaba vyatumye abantu bamaze guhitanwa n’ikiza ca Coronavirus ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika bishika kuri 5 949,mugihe abantu bose bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus muri ico gihugu bageze ku 243 000.

You may also like...