Kubera Coronavirus,Prezida wa Malawi yapunguje umushahara wiwe n’uwabashikiranganji.

Muntumbero yokwegeranya uburyo bwogufasha guhangana n’ikiza ca Coronavirus,umukuru w’igihugu ca Malawi yafashe ingingo yo kugabanya umushahara wiwe ,uwabashikranganji bose n’umushahara  w’ivyegera vy’abashikiranganji bose bagize reta arongoye.

Isanamu yerekana umukuru w’igihugu ca Malawi,bwana Peter Mutharika

Mukiganiro yatanze kumboneshakure nkuru y’igihugu kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2020,Peter Mutharika,arongoye igihugu ca Malawi yamenyesheje ko agabanije umushahara wiwe ,uwabashikiranganji n’umushahara w’ivyegera vyose vy’abashikiranganji ibice 10 kw’ijana (10%),mukiringo c’amaze atatu.

Prezida Peter Mutharika,akaba yasavye ko ayo mahera yose azokwegeranywa muri iyo misi,azofasha mu mugambi wa reta wo guhangana n’ikiza ca Coronavirus.

Mw’ijambo ryiwe, ryo kuruyu wa gatandatu,Peter Mutharika,yasavye ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu guha akazi abakozi bashasha bashika 2000,kugira baze gufasha igisata c’amagara y’abantu muri iki gihe isi yoseyugarijwe n’ikiza ca Coronavirus.

Mwomenya ko abantu bane aribo bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus ngaho mu gihugu ca Malawi,ariko Prezida Peter Mutharika,akaba yaramaze gufata ingingo yogushira igihugu mubihe bidasanzwe,amashure n’amashengero bikaba vyarugawe kuva kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2020.

You may also like...