Abaganga 2 basabako igeragezwa ry’urucanco rwa Coronavirus ryobera kubanyafrica basavye imbabazi.

Inyuma yaho hadukiye induru kubera amajambo bavuze basaba ko igeragezwa ry’urucanco rwa Coronavirus rwobera kubanyafrica basanzwe badafise uburyo bukwiye bwokwikingira ico kiza,abahinga muvy’amagara y’abantu bo mu gihugu c’ubufaransa bavuze ayo majambo basavye imbabazi.

Mugihe abahinga babafaransa Jean-Paul Mira na Camille Locht,bari mukiganiro bavuga ko urucanco rwa coronavirus rwokorerwa kubanyafrica.

Camille Locht,asanzwe asanzwe ari umuyobozi ajejwe ubushakashatsi mukigo INSERM mu gihugu c’ubufaransa na mugenzi we Jean-Paul Mira,ajejwe ivya reanimation kubitaro vya Conchin mu gihugu c’ubufaransa baraye basavye imbabazi inyuma yaho bakoreye ikiganiro kumboneshakure LCI,basaba ko igeragezwa ry’urucanco rwa Coronavirus ryokorerwa kubanyafrica.

Mw’itangazo rya sohowe n’ishirahamwe AP-HP (Assistance publique-Hôpitaux de Paris),abo bagabo babiri barasavye ikigongwe abantu bose boba barababajwe nayo majambo,ndetse nabonyene bakaba biyemerera ko basanze barenze urugero mu majambo bashikirije nkuko vyamenyeshejwe n’ikimenyeshamakuru c’abafaransa “Le Monde”.

Jean Yves Le Drian,arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’igihugu c’ubufaransa n’ayandi makungu akaba yamenyesheje ko reta y’ubufaransa idashigikiye ivyavuzwe nabo bagabo babiri.

Jean-Paul Mira,umwe mubavuze ko igeragezwa ry’urucanco rwa coronavirus ryobera kubanyafrica,yamenyesheje ko kuva bakoze kirya kiganiro yaciye atangura guterwa ubwoba n’abantu batandukanye babicishije kuma terefone,ndetse bikaba vyamuteye ubwoba.

Tubibutse ko Didier Drogba na Samuel Eto’o,abakinyi bo kumugabane wa Africa bandikishije amateka mu makungu bafashe iya mbere mugutera ivyatsi uwo mugambi,aho bamenyesheje ko umugabane wa Africa atari Laboratoire yo kugeragezamwo imiti.

You may also like...