Abanduye Coronavirus muri Amerika basumba abamaze kwandura mubutaliyano+nabo muri Espagne.

Mugihe mu misi iheze,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,bwana Donald Trump yavugako ikiza ca Coronavirus ari indwara y’abashinwa,ubu Amerika niyo ifise ibitigiri vy’abantu benshi barwaye ico kiza.

Isanamu yerekana umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,Donald Trump atangaye.

Ibitigiri vy’abantu bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus ngaho mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika bimaze gusumba ibitigiri vy’abanduye ico kiza mu gihugu c’ubutaliyano uteranije n’abanduye mu gihugu ca Espagne.

Abantu bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca Coronavirus mu gihugu ca reta zuznze ubumwe za Amerika bigeze kuri 335.800,mugihe abanduye mu gihugu ca Espagne bageze kuri 131.646,nayo abanduye ico kiza mu gihugu c’ubutaliyano bakaba bamaze gushika kuri 128.948.

Uteranije ibitigiri vy’abantu bamaze kwandura mu gihugu c’ubutaliyano no mu gihugu ca Espagne usanga bashika 260.594,bakaba bari musi y’abamaze kwandura mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kuko hoho bageze kuri 335.800.

Naho biruko,igihugu c’ubutaliyano nico kiza kw’isonga ry’ibihugu bimaze kubura abantu benshi bahitanywe n’ikiza ca Coronavirus kuko bashika 15887,kigakurikirwa n’igihugu ca Espagne kimaze kubura abashika 12.418,mugihe reta zunze ubumwe za Amerika ziza mukibanza ca gatatu n’abantu 9.504.

Kuruyu w’Imana Donald Trump Trump arongoye igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika yasavye abanyamerika bose kwitegura mu mitima kuko biboneka ko mundwi zibiri ziri imbere ico gihugu kizobura abantu benshi bazohitanwa n’ico kiza.

Ivyo Trump akaba yabivuze yisunze ibitigiri vy’abantu abona bandura ikiza ca Coronavirus ngaho muri ico gihugu naho bagerageje gufata ingingo zikomakomeye.

You may also like...