Prezida wa Kenya yafashe ingingo nshasha zikomeye zoguhangana na Coronavirus.

Umukuru w’igihugu ca Kenya yafashe izindi ngingo nshasha zo guhangana n’ikiza ca Coronavirus gikomeje kwiyongera cane muri ico gihugu.

Isanamu yerekana Prezida Uhuru Kenyatta arongoye Kenya ariko arashikriza ijambo.

Kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2020,Uhuru Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya yafashe ingingo nshasha zo gufasha kurwanya ikwiragizwa ry’ikiza ca Coronavirus muri ico gihugu,aho yatangaje ko atamuntu numwe akirekuriwe kuva k’umurwa mukuru Nairobi yerekeza mu natara zo hagati y’igihugu.

Kenyatta akaba yasavye abantu bose basanzwe baba mugisagara ca Nairobi kubahiriza iyo ngingo,ndetse n’abantu basanzwe baba muntara zo hagati mu gihugu nabonyene ntibarekuriwe kwinjira kumurwa mukuru Nairobi.

Umukuru w’igihugu ca Kenya akaba yafashe iyo ngingo inyuma yaho hamenyekaniye kuruyu wa mbere,abandi bantu 16 bafise ikiza ca Coronavirus,ivyo bikaba vyatumye ibitigiri vy’abantu bose bamaze kwandura ico kiza muri Kenya bashika ku 158,abashika 6 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza mugihe abantu 4 nabo bamaze kumenyekana ko bakize.

Prezida Uhuru Kenyatta akaba yavuze ko iyo ngingo izomara imisi 21 gusa,ariko hamwe ibintu vyobandanya biyangara bashobora kongerako iyindi misi.

You may also like...