Umubabaro ku bakunzi b’umurwi wa Manchester City na Pep Guardiola.

Umubabaro kubakunzi b’umurwi w’umupira w’amaguru wa Machester City wo mu gihugu c’ubwongereza hamwe n’umumenyereza w’uwo murwi Pep Guardiola.

Pep Guardiola arikumwe n’umuvyeyi wiwe.

Kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 6 Ndamukiza niho vyamenyekana ko umvyeyi avyara Pep Guardiola yahitanywe n’ikiza ca Coronavirus.

Dolors Sala Carrio,umutamakazi w’imyaka 82 y’amavuko,akaba na nyina wa Pep Guardiola,asanzwe amenyereza umurwi wa Machester City mu gihugu c’ubwongereza,yarasanzwe arwariye mu gihugu ca Espagne,mu gisagara ca Barcelona yishwe n’ikiza ca Coronavirus.

Ayo makuru akaba yemejwe n’umurwi wa Manchester City,aho bacishije iyo nkuru kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter rw’uwo murwi.

Ikiza ca Coronavirus kikaba kibangamira na cane cane abantu basanzwe bageze muzabukuru,bafise imyaka irenga 70 y’amavuko.

You may also like...