Wamushinwa atunze cane agiye gutanga iyindi mfashanyo igira 2 yokurwanya Coronavirus muri Africa.

Jack Ma,umugwizatunga akomeye cane mu gihugu c’ubushinwa,yammenyesheje ko imfashanyo igira kabiri y’ibikoresho vyo guhangana n’ikiza ca Coronavirus mu bihugu 54 bigize umugabane wa Africa irimunzira.

Isanamu yerekana umugwizatunga w’umushinwa Jack Ma aguma afasha ibihugu vya Africa guhangana n’ikiza ca Coronavirus.

Inyuma y’imisi mike cane atanze imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye vyo gufasha guhangana n’ikiza ca Coronavirus mu bihugu 54 vyose bigize umugabane wa Africa,Jack Ma yamanyesheje ko iyindi mfashanyo irimunzira,ndetse ikazohabwa ibihugu vyose bigize umugabane wa Africa.

Abicisije kurubuga rwiwe rwa Twitter,Jack Ma yamenyesheje ko ahanini iyo mfashanyo izoba igizwe ahanini n’ibikoresho bihabwa abasinzikajwe n’ikiza ca Coronavirus kugira bashobore guhema (Ventilators),igihugu cose kikazoronswa ibishika 500,izoba igizwe kandi n’ibikoresho vyo gupima ubushuhe (Thermometers),igihugu cose kizoronswa ibishika 2000,ibirato vy’iminwe (Gants) navyonyene bizotangwa,hamwe n’ibindi bikoresho bitandukanye.

Uwo mugwizatunga nyene akaba yaheruka gutanga iyindi mfashanyo kubihugu 54 vyo muri Africa,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,hamwe n’ibindi bihugu,ahanini ikaba yarigizwe n’ibikoresho vyo gupima ikiza ca Coronavirus hamwe n’udutambara twokwifuka mukwirinda kwanduzanya ikiza ca Coronavirus.

Ubutumwa bwacishijwe kuri Twitter na Jack Ma amenyeshako imfashanyo igira kabiri iri munzira.

You may also like...