Akon agiye kubaka igisagara cambere kumugabane wa Africa

Umunyamuziki ,Aliaune Damala Badara benshi bamenye cane kw’izina rya Akon ,agiye kwubaka igasagara cakataraboneka mu gihugu c’amavuko yiwe muri Senegal.

Akon kw’ifoto imbere y’igisagara agiye kw’ubakisha mu gihugu ca Senegal 

Iki gisagara kigiye kubakwa na Aliaune Damala Badara  azwi nka Akon ,kizoba citwa  Akon City ndetse kikazoba kizotwara amahera yamanyamerika agera kuri US $6 Billion (ama milliyaridi 6 yamadorari).

Imwe mu mafoto yerekana ingene igisagara Akon agiye kwubakisha kizoba kimeza

Abisigurira imboneshakure yo muri reta zunze ubumwe za Amerika isanzwe izwi kw’izina rya CNN ,Aliaune Damala Badara  yamenyesheje ko kubaka iki gisagara mu gihugu c’iwe camavuko wamye ari umugambi wamanye kuva kera ndetse kwananezezwe no kubona abishitseko.

Tubibutse ko iki gisagara camaze gutangura kw’ubakwa ndetse ibuye ry’inyubako yambere y’iki gisagara riheruka gushigwa k’umushinge na Akon nyene kw’igenekerezo rya 27/08/2020.

Ifoto yerakana ingene igisagara kigiye kw’ubakwa na Akon kizoba kimeze

Iki gisagara bikaba bitegekanijwe ko kizomara imyaka 9 kiriko kirubakwa ndetse kikazokubwaka na KE International ,imwe mu ma shirahamwe yo muri reta zunze ubumwe za Amerika azwi cane mu vy’inyubako zidasanzwe.

You may also like...