Iyi niyo mpamvu yatumye acibwa imyaka 250 yo gupfungwa.

Ron Jeremy ,umunyamerika akaba n’umwe mu bagabo bo muri reta zunze ubumwe za Amerika yamenyekanye cane kubera gukina amareresi (Film) z’urukozasoni ,yaciriwe urubanza ,sentare ica igirako imuhana kuguma mu munyororo imyaka 250.

Ibi vyabaye inyuma yaho Ron Jeremy ajaniwe imbere y’ubutungane yagirizwa ivyaha 8 vyo gufata abagore k’unguvu no kubasambanya kunguvu  haca hiyongerako ibindi vyaha 13  nyene vyo gufata kunguvu abakenyezi no kubakubagura hakiyongerako no kubakoresha imobonano mpuzabitsina n’ibikoko canke ibindi bikoresho .

Ron Jeremy kw’ifoto

Inyuma yibi birego vyaregwa uyu mugabo yamenyekanye cane kubera gukina amareresi y’urukozasoni ,Sentare ya Los Angeles iserukiwe na Attorney Jackie Lacey yamenyesheje ko uyu mugabo azohanishwa igipfungu c’imyaka 250 ari mumunyororo.

Mu vyaha vyagira uyu mugabo harimwo ahanini

  1. Gufata kunguvu abakenyezi
  2. Gusambanya abana babigeme batarakwiza imyaka 18
  3. Gusambanya abigeme mu bihimba bitabigenewe
  4. Gusambanya abigeme akoresheje ibikoresho ataho bisaniye n’umuntu
  5. Gukoresha abigeme imibonano mpuzabitsina n’ibikoko

Ibi vyaha vy’uyu mugabo bikaba vyiyongeye kuvyaha yaramaze igihe apfungiwe birenga 30 navyo nyene bikaba vyamurega gufata abagore kunguvu no gushurashuza abana batarakwiza imyaka 18.

Tubibutse ko naho uyu mugabo Ron Jeremy yaciriwe imyaka 250 ari mu munyororo  asanzwe afise imyika 67 y’amavuko .

You may also like...